Qui sommes-nous ?

Ma photo
Café Littéraire. Espace ou naissent et se croisent toutes formes d'écrits: slams/poésie/contes/nouvelles/romans/théâtre. Tous les jeudis de 18h à 20h au CEBULAC (Burundi Palace, 1er étage), en plein centre de Bujumbura. Entrée libre et gratuite.

lundi 5 septembre 2011

Tolerance Umuliyoni

igisomwa canditswe na Joseph Butoyi

Amaso n’amasazi. Eka n’amatwi ni co kimwe. Amaso atwereka ibiterasoni tutipfuza kubona, amatwi nayo adutuma kwumva ibituntuza umutima. Ejo nahumutse kuri kagakecuru Makoma kariko karihagarika kunzira, maze ibimaramare binshwara umubiri wose, vyanka ko mbandanya, vyanka nuko nsubira inyuma. Sha abakecu….

- Mbe Baryumuhero, ko widogera abakecuru n’ibiki ? Nimba ka Makoma kari kabuze kasugumwe k’ingenzi, wagomba kagire gute nimba umusonga warugasugereje ?

- Kandi sha Yoha ! Reka tureke ka Makoma ndagucire agace kuvyo nabonye k’umusase, aho mvuye gusarura amakuru, hariya mu burengero bwa Afrika, muri ca gihugu citwa Ikirezi ca Afrika, kimwe mugabo abamenyeshamakuru nizindi ncabwenge basigaye bita « Igisebe ca Afrika ».

- Baryumuhe, « Igisebe ca Afrika » !

- Egome. Ngo ni kubera ico gihugu gisigaye kiva amaraso iminsi yose, kandi mu mpande nyishi zaco. Waruzi ko Ikirezi ca Afrika ari, kuva nakera narindi, igihugu ciza cane gose, kandi gifise ubutunzi bwinshi bw’isi n’ubwo abantu bincabwenge.Eka n’imvura igwa iminsi nka yose y’umwaka. Mugabo ubu gisigaye kirira ijisho rimwe nk’agakecuru kagwaye akabonge kubera abako bagahezeko. Umukuru waco, Kananirabagabo Jean-Nemrod, yarasanzwe agira umunsi mukuru wo kw’ibuka umwaka uheze atsinze amatora yamushikanye ubwambere k’ubutegetsi mw’ukuru w’igihugu Ikirezi ca Afrika. Hari kw’igenekerezo rya mirongitatu na gatandatu z’uku turimwo.

- Kananirabagabo yariko agira kimwe bita mu gifaransa anniversaire y’intsinzi mu matora.

- Ego, tega amatwi nyabuna ndakubwire inkuru nshansha.

- Bayita, inkuru itarakora hasi.

- Ururimi ruragoye mwenema ; umviriza cobo iyo nkuru ntarayibagira. Kandi ntuze uranciramwo.

Isi yose yari yakoranye. Abakuru b’ amakungu canke ivyegera vyabo kubafatiriwe n’amabanga. Ivyegera vya Kananirabagabo. Abakuru b’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka. Abashikiranganji, abaserukira ibihugu vya rutura n’abaserukira ibihugu bibanyi. Abakuru b’ubutungane, ba ntanyiganzwa mu ntwaramiheto no mu nyamiramabi, abakuru b’imigambwe canke amashirahamwe adaharanira inyungu za politike canke y’igenga, eka n’abandi bategetsi bakomeye bo murico gihugu, ntibagiye abakuru b’amadini, bivuga ko n’Imana yari yatumiwe. Yoha, haca uwambaye ! Abera, abirabura, abatukura, eka n’abasa n’umuhondo ntibari batanzwe. Amakoti n’imishanana vyaca ibibatsi. Akarato kari dododo.

Amaradiyo n’imboneshakure vyacanacanako kugira biyage vyongere vyereke ibirori banyarucari canke imbundege zose zitemerewe guhonyoza ikirenge mu ngoro y’ Inama Nshingamateka Magaburanyama aho ibirori vyariko birabera.

Inyamiramabi zari zarikanuye. Abasirikare ryari ryahiye kugeza aho bagenzura isi, ibiyaga eka n’ijuru. Ntanyoni yaguruka. Indege gusa. Indege zari zifatiye ikirere kugira ngo agakirutsa umutwe sisavye. Inzira nka zose zari zazibiwe. Abagenda n’ibihinda, eka n’abamaguru abiri canke amakinga, bagenda baridoga ko batagira aho baca kugira baje kurondera icorirenza.

K’umusase ushira umurango, niho twumva akanira gahinda kava k’umusozi uhanamiye igisagara Karabadukakane, ariwo mugwa mukuru w’igihugu Ikirezi ca Afrika, gaca ku ngoro y’icariho c’uwuhagarariye imitima y’abantu kw’isi, gatumbera mu bumanuko bw’igihugu Ikirezi ca Afrika, kajabuka uruzi Ntawupfabishaka, mpaka no mu ngoro y’amakoraniro y’Inama Nshingamateka Magaburanyama. Kari gakurikiwe n’ingendeshwa zinganya agaciro n’ivuriro ryiza ry’abanyagihugu. Hari n’izindi zipakiye abasirikare n’inyamiramabi bambaye amasasu kuva k’umushatsi gushika kw’ino. Amaso bari batunuye nk’abanywi b’urumogi canke kanyanga. Indenge za gisirikare zacanacanako. Wihweje ingendeshwa n’urwamo rwazo, indege n’induru yazo, amapikipiki n’amaborogo yazo, akanira n’abasirikare, utibagiye rusehabaniha, wamengo n’igisigo co mw’ibenga c’imutse muci.

Akanira gashitse imbere y’ingoro Magaburanyama kaciye ngo cwe. Muri imwe mu ngendeshwa z’iteka haciye hasohoka umukuru w’igihugu Kananirabagabo, akikijwe n’abasirikare n’abandi bategetsi. Yari ayagayaga nk’inkumi y’inoye, ashajije nk’ikigori ca kijambere caronse umwavu ukwiye. Mu bisanzwe, Kananirabagabo asanzwe ari umugabo muremure, atanamvye kandi atavyibushe birenze, w’imisaya igororotse n’uruhanga ruhanitse. Afise amasoso maremare kandi akunda gusokoza ruhanika. Rimwe na rimwe ariharangura nk’uwugandariye uwiwe. Ntawuzi ko ari kubera Ikirezi ca Afrika kiguma kiva amaraso n’amosozi canke ari umuderi aba aharaye. Akazuru kiwe karagororotse akagira amaso nkayabaganwa, nutwana dukeya kugasakanwa kandi twama dusukuye bikwiye. Abakenyezi bamwe bamwe nibo bakunda kuvuga ngo, hamwe bogirisha amahiganwa y’abagabo beza ntawomuca imbere. Yoha, uravye ubwiza bw’umubiri gusa, Imana yaramuhezagiye pe ! Ubwo umutima na bwo, wobaza ba padiri na ba pasitori bajejwe gusesangura imitima vyiza na mibi, iyizoja mw’ijuru niyizohereza mu muriro udahera kwa Rusiferi, we yamana igitoro n’inkwi vyo guturira imitima yanduye.

Ahejeje kuramutsa abaje kumusanganira, yaciye y’injira mu ngoro, maze aja kuvyagira mu nyegamo nziza nk’iyo umwami. Hirya no hino yari akikijwe n’ivyegera vyiwe navyo nyene bishajije kandi bidoshe nk’uruyoya rwonka amaberebere menshi. Utereje amaso mu batumire n’abasangwa, wabona abantu beza beza, bafise akamwemwe ku munwa. Abagore nabo bari bisukuye nka za nkumi zijejwe guhaya ubwiza bw’impuzu canke umubiri. Kumpome hari hamanitse amasanamu yerekana ubutwari bwa Kananirabagabo, hasi naho hari hashashe indava y’ikizungu itukura, ntibagiye amashugwe yarari aho hose umuntu yahonyora. Nayo akamoto kayo kashwara amazuru y’uwo wese yari muriyo ngoro. Utereje amaso hejuru, wabona urusenge rw’ikizungu rukayangana hamwe n’amatara meza nk’inzahabu. Uravye ubwiza bwayo gusa, benshi mu bamenyeshamakuru mpuzamakungu bavuga ko iyo ngoro Magaburanyama iri mu zambere nziza zo muri Afrika. Ngo mugabo uravye ibihakorerwa, ingoro Magaburanyama isa n’igisaka gicumbitsemwo imfyisi zifise umugambi wo kw’isuganya intama z’abanyagihugu.

Haheze akanya, inyuma y’amajambo yoguha ikaze abashitsi n’abatumire, Kananirabagabo yaciye avyaguruka, arabanza arihweza ishengoro ry’abategetsi bavyagiye aho, aca atangura kwambaza Imana Rugiravyose, arayishimira kuvyiza yama imugirira, eka n’imigisha myinshi yama imuhonga, aca yemerera abanyagihugu ko azobandanya ibikorwa vyo kubateza imbere mukubaka amashure, mu kugwiza amavuriro arimwo za scanner, ko kandi azobandanya agwiza ibibuga vyo kuyuba, ko azokubaka amahinguriro y’ibirato kugira ntihagire uwusubira guhandwa n’amahwa, n’ibindi vyinshi.

Icatangaje benshi baraho, eka mbere n’abavyumva mu maradiyo canke babikurikirana mu mboneshakure canke ingurukanabumenyi, ni uko umukuru w’igihugu Kananirabagabo, yinamuye ati :

« Kubera ko mwatwizigiye mukadutora k’umwaka uheze, mukadukura mu menyo ya vyabinyamushinya, bimwe vyirigwa biraducira imizi y’ukuzimu bibicishije mu maradiyo, mumboneshakure n’ibindi bimenyeshamakuru vyandika ; kuberera ko ataco mutakoze kugeza aho mw’iremeka amasandungu n’imifuko y’amajwi yari yasanzaye, amajwi ya zamburabugirire zitazi gutora icatsi n’ururo, zitazi gushima nagato ibikorwa dukora, mugaheza mukayashikana atagipfuye kugeza aho amakungu, na cane cane bamwe barungikwa na bene ibigega vy’Isi yose bemeza ko yagenze neza ; ivyo navyo bigatuma tuzoguma dusomera. Kubera ko n’abandi bajejwe gukebura Leta atanyungu za politke bakurikirana na bonyene baciye bemeza ko amatora yangenze neza, ko kandi yabaye mu mutekano ntangere bivuye kubukerebutsi n’ubwitonzi mwabigiranye ; ivyo navyo bigatuma igihugu cacu Ikirezi ca Afrika, za mburabugirire zisigaye zita « Igisebe ca Afrika », gisubira kuronka agateka mu makungu, ivyo navyo bigatuma mbere citwa « Umuco wa Afrika » kubera catanze akarorero keza ka demokarasi muri Afrika.

Kubera mwadutoye mutitangira itama kugeza aho intebe nka zose zitwegukira kiretse izo twahebeye abadacikana, bamwe bameze nk’urunyondwe rwumira ku rushato rw’inka naho iba yapfuye, bamwe ba Nijimbere, mugabo bakaba badufitiye akamaro kanini kuko bica vyitwa ko intwaro rusangi twayitsimbataje mukwemera kugabura n’iyindi migambwe. Kubera bamwe duhiganwa baciye bagwa mugahundwe, kugeza aho bamwe bamwe muribo bahahamuka n’ubwoba, bamwe bagaca mu vyanzo, abandi mu ruzi batazi kwoga, abandi n’abo bakaguruka kandi batari inyoni, tutibagiye abanyegeye mu myobo batari ifuku.

Kubera ko rero tugiye kuba kurya kw’impfizi yanesheje izindi zose m’urwuri isigara yivuga yonyene, ikaba ifise uburenganzira bwo gutunganiriza inka zose ziri muri rwo, tugiye kugira ico twita: « Tolérance Umuliyoni ».

Amashi yaciye asamirana hirya no hino. Ingoma zirasasira, vya muzinga birayaga. Mu kiringo c’iminota cumi, wamengo isi n’ijuru vyafatanye. Nanje, eka mbere na bagenzi banje, twatekewe n’agahitsi n’ubwoba. Umushatsi wamengo urankorotseko. N’umva amara ariko araka n’ibaza ico ivyo bintu Kananirabagabo abigiriye biransiga. Icantangaje kandi, n’uko hirya no hino abategetsi nka bose baraho bari bafise akamwemwe ntangere. Haciye akanya asubira afata rugagamishamajwi ati:

Kubera ko benshi muri mwebwe batahonyoye muri kaminuza, imvungo nshakanshatsi twakoresheje ku mwaka uheze ntimwayitegereye. Abavyumvise, baravyumvise, kandi barabikurikije. Tukaba tubashimiye bivuye ku mutima. Kubera umutima w’ikigongwe dufitiye abo batategereye iyo mvungo, twashimye kubibahishurira kumwe kw’Imana yahishurira Mose amabwirizwa cumi yayo ku musozi Sinaï.

Kuva ubu rero, mugiye kugorora amaboko muje muriha atankomanzi ico cose mukeneye mukazi mujejwe, nakare ngo “Impene irisha aho iziritse”. Uwuri kw’ibarabra azokamisha ibarabara, uwutwara ihunguriro rya Leta areteshe aho nyene; uwicaye mu nyegamo yo mugisata c’intwaro yegame, agare kugeza aho bamushikanira kugira ashobore kushira ikidodo k’urupapuro rwose, nka zakarangamuntu, ibitabo vy’inzira canke imodoka, n’izindi. Nayo abakeneye akazi, bazobanza kuraba ryiza umufuko wanyu, hanyuma musuzume ko ari abanywanyi bacu mu mugambwe, hanyuma ivyo ubumenyi bize munyuma. Ico ni co twita Tolérance Umuliyoni.

Abigisha namwe mugabanye induru, muheze mw’ikore kw’ikaramu itukura, maze mutore ibibazo bitagira inyishu, hanyuma murambe ubusa abanyeshure banyu kugeza aho inoti ziseseka mu mifuko. Abatagira uburyo bw’amafaranga bikore ku butunzi umubiri wabo usanganywe. Nico twita Tolérance Umuliyoni.

Abajejwe amakori n’amaduwane, mweho ntimutugoye musanzwe mumenyereye iyo ngendo. Ntimuhagarikwe umutima na rurya rwego rutwagwa n’umuzungu rwadutse nk’akaranda kugira icasomera gisubire kuvoma; rurya tuzoruca mu myanya y’intoke kumwe twabigirira abo duhiganwa. Kugeza ubu, amakonteneri azohora yinjira ijoro ahagatiwe n’abapolisi kugirango bamene umutwe agakozi kago kazohirahira kagakirutsa umutwe kugira kayasuzume. Uko niko politike ya Tolerance umuliyoni itegerezwa kugenda

Inyamiramabi namwe, murazi ko igikorwa kinini arimwe mwagikoze, mugiye gukora mu mwindegemvyo nta ngere. Abanyagihugu babagoye muzobacisha kubuhombo kandi ntimuze murita ku basuma. Abanyagihugu babatabaje muzokwega amaguru, musange bayanyaze, nakare ngo “Inyamiramabi nziza n’iyiramvye”. Mbere bishobotse muzokorana n’inkozi z’ikibi kugira namwe imifuko yanyu ibomboke. Nivyashika mugatata n’abanyagihugu, hakagira abahitanwa n’agashavu kanyu kubera banse kubaraba ryiza, muzobabika mw’ibuye canke mu nzuzi; maze ingona zibisuganye nakare zirashonje. Babajije, muzobishura ko bitaye m’uruzi batazi kwoga, uruzi nago rurabatwara. Aho niho muzoba muriko murashira mu ngiro umugambi wa Tolerance Umuliyoni.

Abajejwe amasoko ya Leta namwe umugambi Tolérance Umuliyoni ntugiye kubibagira nagato. Kuva ubu, mugiye gukora mu mutekano ntagere; muzoha isoko umurwizatunga yibwiye ikintu. Kugira akazi kaborohere, tugiye mbere kubigisha ubuhinga bwo gusoma ibiri mu mabahasha imbere y’uko y’ugururwa icese. Ico nico twita Tolérance Umuliyoni.

Sinirigwa ndadondagura ibisata vyose vy’igihugu. Nagomba ku bibutsa ko ivyo vyose muzobikora musenga, mw’injira aho hose mubonye isengero, mwambaza Rugiravyose, niho umugambi Tolérance Umuliyoni uzoranguka nkuko tuvyipfuza. Maze mutunge mutunganirwe, mwubake amazu meza na cane cane amwe maremare yagaza ijuru, amwe areha n’Umunara Babel kugira mushobore kubona iyo mwamuka muzicayeko na cane cane mushobore kuvugana n’Imana muri hafi yayo. Mufungure ico cose mwipfuza, nimwahaga muje kw’idaha muri za vomitoriyomu tuzotegekanya aho hose hari uburiro bw’iteka, mugaruke musubire mw’ihereza, muhimbe muhimbagwe, munwe za henerabakene nizindi njabuka zose, eka n’umupfasoni abahagaritse amaraso mucishe kubuhombo, n’akare ngo “Impfizi ntaho y’imigwa”. Niyo vyashika umugabo w’iwe agakirutsa umutwe, muzovuga ko asara, maze mw’ikore kunyamiramabi zacu, nazo zimwihutishe ku bitaro vy’abagwaye mu mutwe, nabo bamutere rwa rushinge rwo kuca inkokora abasazi bagwana. Aho niho muzoba muriko murashira mungiro ingendo ya Tolérance Umuliyoni. Yoha n’umvise ivyo bintu Kananirabagabo ariko aravuga, naciye n’umva nohagarika akazi nariko ndakora. Erega amasozi yantanze hasi kandi ndi umugabo. Ca wibaza nawe kugutwara umugore bakongera bakavuga ko usara! Sha, n’ibisigabwenge.

Haciye akanya yaciye asubira ati: mugabo, kugira ivyo vyose bishoboke, hariho imigwi y’inkorabara itanu tutegerezwa gukenyerera bikomeye. Nakare musanzwe muzi ko atawusomera induru ivuga. Uwambere ugizwe na yamasutwa, bamwe bagasuku, bamwe bama bariko barazura akaboze; turabibemereye, tugiye kubahira umuti ukomeye. Abazokwihenda bagatanga inkuru zidatomoye, zimwe zo gutsyoza ubutegetsi bwacu, tuzobabika mw’igereza. Turazi ko batazohengeshanya kuvuza induru, bataka amakungu nkuko basanzwe babimenyereye, tuzokwica amatwi, maze bavundireyo, niho bazokwikebuka.

Umurwi wa kabiri ni umwe w’abiyita ko badaharanira inyungu za politike, ko baharanira agateka k’abanyagihugu kandi batabatumye, tuzi ko bagwanira inda zabo, tuzobazimanganya. Niyo amakungu yasemerera kubera ko ariyo abafata mu mugongo, nabo tukaba tubakeneye kubera infashanyo zabo; tuzovuga ko biyahuye. Mukubahuma amaso, tuzotumako igipolisi co hanze, kimwe ceserewe mugutohoza, mugabo gishitse tukiburagize nkuko tumaze kubigira, kitwatse amakanda tukiyime nakare ntamugabo atanga amakanda yiwe atari igitungwa. Maze kibure epfo na ruguru gite comoke canke cimene. Imana niyo nkuru.

Umugwi wa gatatu kandi tuzokenyerera cane kuko ariwo uteye ubwoba kubera w’iyita ngo ujejwe kudukebura, nawo uguma urondera aho dufise ubupfu ngo uduce mu ryahumye, tugiye kuwuzingamika; tuwugire umusega kugira ntuze usubire gukuga. Noneho musanzwe muzi ko umutwe wawo wacitse kubera usigaye uvugira mu mahanga, no mu myobo. Natwe ico tugiye kwitwararika n’ugutoteza abanywanyi bawo kugira nabo bate bomoke maze bahamvye ba shebuja canke binjire mu mugambwe wacu ku nguvu. Abazonana, bakigira intagondwa, amagereza n’inzuzi bizobakiriza yompi. Maze natwe dutunge, dutunganigwe mu gihugu cacu Ikireza ca Afrika tugiye guhindura vuba na vuba “ Umuco wa Afrika”.

Naho niyo amakungu yaturemera ngo tuganire n’uwo mugwi, tuzoba ntahomfatwa, tudindize ibiganiro, kugeza aho igihe c’amatora akurikira kigera ataco barahatora, batahe zirayoye, bidoga bongera biha iryosozi nk’akana kavuye kuragirira inarume.

Umugwi wundi tutokwiyibagiza kandi ntarekuriwe kuvuga ivyawo hari amaradiyo n’imboneshakure, n’umwe ujejwe gucungera imbibe zigihugu. Uwo nawo, kenshi urizingamika nk’inzoka, ukigira uwutarabwa n’ivyapolitike, mugabo hari aho uza ubona waduka, maze ukadukura amata mu kanwa. Tutiriwe turavuga menshi, mugihe cose ikigega c’igihugu kizoba kibogaboga nibo bazobomboka ubwambere. Maze natwe tubagirire akabirya tubongere imyaka yo gukukuruka, abakuru babo tubahe ipete rya ntanyiganzwa, tubahe agashara gafatika, tubaronse abatoni n’abakorezi, ingendeshwa n’ingaburo za Leta maze bazopfe barya nk’abana b’abami.

Umugwi wanyuma dutegerezwa gukenyerera bimwe vyeruye, dusamaye nawo nyene ushobora kudusambuza ni umwe w’abacamanza biyita ko bafise ubwigenge ntayegwayezwa. Kuva ubu ubwo bw’igenge turabubapfyituye kanatsinda nitwebwe tubaha akazi, tukabahemba, tukongera tukabashira gukora ku mugwa mukuru w’igihugu canke mu minyaganyaga bivuye uko tubiyumvamwo. Kuva ubu rero, murafise ububasha bwo guhindura ingigo yose ya sentare itabashimishije, maze mukikora kubashikirizamanza nabo bakaremeka inkono ishushe uwo wese ababangamiye, bakadukana icaha kitagira umutwe n’amaguru gukira bashobore kumurungika mw’igereza, na cane cane abamenyeshamakuru, abiyita ko baharanira agateka kazina muntu n’abashingwamanza.

Mugabo ntimuze mukangwe ningendo yo kwikora munda tugiye kugira. Kubera ko dukeneye amakungu, tuzobika mw’igereza bakeye muri mwebwe kugira tuyahume amaso, maze za miriyaridi zinfashanyo dukeneye zize ziseseke mukigega c’igihugu, hanyuma natwe tugire amikoro afadika. Mugabo abo bose bazoguma ari abacu, kandi tuzobategekaniriza akabahasha kuri ico cose tuzoronka kugira imiryango yabo igume y’ifashe. Munyuma, tuzoheza tubeze, tubahe agahengwe, basubire mukazi no mu miryango yabo, maze batunge batunganigwe. Iyo niyo twita ingendo nziza ya Tolérance umuliyoni.

Imbere yo kurangiza, twagomba gusubira kubibutsa ko ingendo ya politike nyamukuru y’intwaro yacu ari Tolérance umuliyoni. Kandi ko mutogira ubwoba nagato. Ntimuze mukangwe na rurya rwego rujejwe gukurikirana abanyuruje canke basesaguye itunga ry’igihugu: rurya twarushinze kugira ruhashe abivye igitoke canke ivoka, abivye ibiharage munkono canke abakoze mu mufuko w’abandi, n’abajejwe ibigega vy’amakomine. Ivyo navyo bigatuma abanyagihugu baryana, umutekeno ugahungabana mu gihugu.

Ntimukangwe kandi na rwa rwego rwirirwa ruravuga aya Muhe, rutuma agatoki mu masahani yacu. Arya ni amacandya, ntanakimwe ruzopfa rushitse ko. Ntimwongere nagato ngo muhagarikwe umutima na babashingamateka canke abakekunzamateka bita mu bitabaraba. Uwuzobagora muzoheza mumuhe amashi canke mumwangaze apfe arohera mu karere ko mu mahanga nk’inka yazimiye. Mbega kuva batanguye gusemerera harico muraba? Twe twize amashure menshi, mbere tukaminuza reka tubacire umwibutsa w’abafaransa: « Les chiens aboyent, mais la caravane passe », nu kuvuga ngo « Iminihiro y’imbwa ntibuza ingenzi kurengana”. Imana niyo nkuru.

Ni hahangame igihugu cacu Ikirezi ca Afrika

Ni hahangame umungambi Tolérance Umuliyoni

Ni harambe Umukuru w’igihugu Kananirabagabo Jean-Nemrod

Murakoze

Yoha, amashi yaciye asubira gusamirana. Impundu zikwira ingoro yose Magaburanyama, ingoma zirayaga, abagore n’abagabo barahoberana. Nanje aho ndi nakwiwe n’agashitsi umubiri wose. Ibinyanya birantera mu maguru. Ndibaza ico Kananirabagabo agomvye kuvuga biransiga. Nca ndajanwa kugeza aho nibagira gufata amajwi n’amasanamu asozera ibirori. Mukanya kakurikiye, Kananirabagabo arahaguruka, munyuma akanira gasubira kw’umvikana, k’iha ibarabara, ingendeshwa n’indege bisubira kwiha isi n’ijuru mpaka munzu y’uburiro yo mw’ihoteli y’agateka yitwa Ameru y’Imfyisi aho ibimasa vyari vyamashuwe bikwiye. Abanciriye agace, bambwiye ko babishishimuye n’akayabagu karengeye aka nyamyoma iriko irihereza intama. Bene wacu, uwapfuye ntaco yabonye pe !

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire