Qui sommes-nous ?

Ma photo
Café Littéraire. Espace ou naissent et se croisent toutes formes d'écrits: slams/poésie/contes/nouvelles/romans/théâtre. Tous les jeudis de 18h à 20h au CEBULAC (Burundi Palace, 1er étage), en plein centre de Bujumbura. Entrée libre et gratuite.

vendredi 8 avril 2011

Erega yewe ndekera ikibondo

Erega yewe ndekera umwana
Amajambo yawe aza yayahaga
Erega yewe menya ko ari umwana mu bandi
Hanyuma undekere ikibondo

Erega yewe ndekera umwana
Erega ivyo ukora arabibona agahora
Agahora kuko ataco yokora
Agahora ariko yakugaye

Umutuma umutuka umuturubika umutima
Akirirwa yicurikiriye acura intimba
Amaganya akamwuzura, umutima ugateragura
Nawe ugatwenga, aho kumaramara

Erega aho ubona ntukigira umutima
Umuteramisha ibitutsi, ukamuraza ku rusenge
Umusasira amahwa, ukamworosa isusa
Yarira ukaririmba, yacura intimba ugacuraranga

Ngirira ikigongwe undekere ikibondo
Urazi ko ari impfuvyi, kandi ko atavyiteye
Muhoze mama, muhe amata, murinde izuba
Muganirize nk’umuvyeyi, umuhe amahoro

Ariko yewe undekere ikibondo

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire